Sudani: Bahagaritse Akazi Basaba ko Ubutegetsi Buhabwa Abasivile

Bamwe mu biyerekana basaba ko ubutegetsi buhabwa abasivile muri Sudani

Abakozi ibihumbi n’ibihumbi mu gihugu ca Sudani batanguye ukugarariza akazi mu gihugu cose uno musi ku wa kabiri. Ni mu gihe abariko bagira imyiyerekano muri ico gihugu bariko baremera kurushiriza igisirikare kugira gishikirize ubutegetsi Reta y’igisivile.

Abari mu myiyerekano babandanya guhangana n’intwazangabo mu gisirikare c’igihugu zakuye ku butegetsi prezida Omar al-Bashir mu kwezi guheze ku vyerekeye niba abasivile canke abasirikare aribo boyobora urwego rushasha rujejwe kuyobora igihugu.

Mu ntumbero y’ukuremera kurushiriza urwego rwa gisirikare rurongoye igihugu muri iki gihe, umuhari w’abateguye imyiyerekano wasavye abakozi kugarariza akazi mu kiringo c’imisi ibiri mu gihugu cose kuva uno musi ku wa kabiri.

Abamenyeshamakuru b’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, bagiye mu bice vy’umurwa mukuru wa Sudani, Khartoum bavuga ko babonye abakozi bari mu myiyerekano mu bibanza bitari bike abantu bahuriramwo ku murwa mukuru.

Abantu amajana n’amajana bashaka gufata urugendo bafatiwe ku kibuga c‘indege co ku murwa mukuru, Khartoum. Ni mu gihe abakozi batari bake bakora kuri ico kibuga c’indege bagararije akazi.