Uko wahagera

Abiyerekana muri Sudani Basaba ko Imyiyerekano Ikazwa


Abateguye imyiyerekano imaze amezi ane mu gihugu ca Sudani bakomeje gusaba ko iyo myiyerekano yokazwa mu gihugu cose. Ni mu gihe ibiganiro n’urwego rwa gisirikare ruyoboye igihugu ku vyerekeye gushikiriza ubutegetsi vyahagaze.

Abatunganya iyo myiyerekano biteze ko akamo kabo kitabirwa n'abantu baharurwa mu muliyoni bahamagariye kuzoza kwigaragambiriza imbere y’icicaro gikuru c’igisirikare kuj murwa mukuru, Khartoum.

Abari mu myiyerekano bashaka kwiyamiriza ukwanka gushikiriza ubutegetsi kw’abasirikare. Urwego rwa gisirikare ruyoboye igihugu rwaranse gushikiriza ubutegetsi urwego rwigenga impande zose ziza zarumvikanyeko rwoyobora igihugu ca Sudani mu kiringo c’imfatakibanza.

Impande zompi zaragiranye incuro zitari nke ibiganiro kuva igisirikare gikuye ku butegetsi al-Bashir kw’italiki 11 y’ukwezi kwa kane, mu vyarangije imyaka 30 yari amaze ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG