SOS-Torture: Mu Burundi Abarenga 70 Barishwe Kuva mu Kwa Gatanu

Bamwe mu basirikare n'abapolisi b'Uburunndi mu ntara ya Cibitoke ivugwamwo ubwicanyi. Aha, bari mu Ruhagarika mu 2018 inyuma y'igitero cahitanye abarenga 25

Abajejwe intwaro mu Burundi n'amashirahamwe yigenga akunze kwegeranya ibiharuro vy'abicwa bazira ubusa bavuga ko ubwicanyi bwasubiye kuba bwinshi hirya no hino muri ico gihugu, bugahitana abanyagihugu ataco bazira.

Tumwe mu turorero twa hagufi izo mpande zitanga, ni utw'abantu 3 bishwe, abandi barenga 20 barafatwa ku mvo z’amatohoza mu Ntara za Cibitoke na Muramvya (Hagati no mu burengero bw'igihugu), mu mpera z’iyi ndwi iheze. Abakoze ubwo bwicanyi ntibaramenyekana, gusa abanyagihugu bavuga ko ababishe bazananye mw’ishamba rya Kibira gifatanye n’izo Ntara.

Umukuru w'umutumba ruvumera uri muri zone kiramira muri komine Rugombo, y'intara ya Cibitoke, iri mu burengero bw’Uburundi, wabako umutama w'imyaka 69 yishwe kuri uno wa Mungu n'abantu bataramenyekana, yemeza ko muri iyi minsi hasubiye kwaduka ubwicanyi bukorwa n’abantu bitwaje ibirwanisho, muri ico gice.

Muri iyo Ntara nyene, muri Komine Murwi, kuri uyu wa mungu, haratowe ikiziga c’umugabo yari yanyurujwe ku ndwi iheze, muri zone Buhindo. Ubwicanyi nk’ubwo buravugwa no mu Ntara ya Muramvya, muri Komine Bukeye, hagati na hagati mu gihugu, aho umwigeme w’umuyabaga yishwe atemaguye n’abantu bataramenyekana kuri uyu wa mungu.

Ayo makonine yabereyemwo ubwicanyi afatanye n’ishamba cimeza rya Kibira. Abanyagihugu bahegereye bemeza ko muri iryo shamba hariyo abantu bitwaje ibirwanisho bahatembera mw’ijoro, bakikeka ko ari nabo bakora iryo bara. Iryo shamba cimeza ni ryo rigabura intara ya Cibitoke n’igihugu c’u Rwanda. Aha ni ho, ingabo z’u Rwanda zavuze ko zasubirije inyuma igiterò c’abantu bitwaje ibirwanisho, bagasubira muri iri shamba nyene, mu kwezi kwa gatanu guheze.

Mu kiringo c’ukwezi n’igice, amashirahamwe yigenga muri rusangi mu Burundi aharura abantu barenga 70 bishwe muri ubwo buryo. Ku bw’ayo mashirahamwe yigenga nka SOS Torture rikunze kwegeranya ibiharuro vy’abantu bicwa muri ubwo buryo, ubwicanyi bwasubiye gufata umurindi munini, kuva mu kwezi guheze.

Ijwi rya Amerika ryashatse kumenya ico reta y’Uburundi ibivugako, ariko umuvugizi wa Reta Prosper Ntahorwamiye, ntaco yashimye kwishura. N’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye ni nk’uko. Gusa wewe avugana n'Ijwi ry'Amerika yagize ati: “ VOA yarahagaritswe mu Burundi. Nta makuru turekuriwe kuyiha”.

Umviriza ibindi muri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

Your browser doesn’t support HTML5

Abanyagihugu Baba Ahabera Ubwicanyi Bagona iki?