Uko wahagera

Ibiziga 2 Vyatowe Muri Komine Buganda mu Burundi


Mu mwaka wa 2018 mu Ruhagarika hishwe abantu 26
Mu mwaka wa 2018 mu Ruhagarika hishwe abantu 26

Ibiziga bibiri vyatowe ahitwa Ruhagarika muri Komine Buganda, intara ya Cibitoke hafi y'uruzi Rusizi kuri uyu wa gatanu. Abishwe bari baciwe imitwe.

Abarovyi bari mu ruzi Rusizi nibo babonye ivyo biziga mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu nk’uko vyemezwa n’abajejwe intwaro aho mu Ruhagarika rwa komine Buganda.

Ababibonye bavuga ko uko ari babiri bari abagabo. Ababishe babanje kubaca imitwe bongera barababohanya.

Musitanteri wa komine Buganda amenyesha ko abo bantu batashoboye kumenyekana. Emmanuel Bigirimana anavuga ko ivyo biziga bitegerezwa guhambanwa iteka, ubuyobozi bwa komine akaba aribwo bukora ibikenewe vyose kugira bifubwe.

Ariko yongeyeko ko amatohoza abandanya.

Abanyagihugu bamwe bamwe bo mu ntara ya Cibitoke bavuga ko batewe umutima uhagaze n’ibiziga bimaze igihe bitorwa muri iyo ntara.

Mu gihe muri rusangi ata biziga bimaze igihe bitorwa ku butaka bw’Uburundi, mu Cibitoke abantu indwi nibo bamaze gutorwa ibiziga mu kiringo c’amezi abiri conyene.

Umwe muribo yaramenyekanye. N’umuyabaga w’umunyamwema yitwa Bonheur Ndayambaje. Ikiziga ciwe catowe kw’itariki ya 17 uku kwezi ku musozi Kagazi ku nkengera z’uruzi Rusizi muri komine Rugombo. We yaturuka muri zone Buseruko muri komine Mugina.

Abamwishe bamuciye ukuguru kw’iburyo, ukuboko kw’ibubamfu n’ururimi. Abantu babiri bikekwa kuba bari mubakoze iryo bara bafungiwe mu gasho k’iperereza mu Cibitoke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG