Papa Fransisiko Yatoye Mitende

Vatikano yatangaje ko umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisiko uno munsi yasubiye gukora. Yakoreye mu bitaro arwariyemwo kuva ku munsi wa gatatu.

Ibiro vya Papa bitangaza ano makuru vyavuze ko Papa Fransisiko umwanya munini w’igitondo c’uno wa gatanu yawumaze yicaye mu gatebe kiwe, aho kuwumara mu gitanda.

Vatikano yagize iti: “ Mu gatondo yafunguye neza, arasoma ibinyamakuru bitandukanye, aca aratangura gukora”.

Ibiro vya Papa vyemeje ko umwungere wa Ekleziya Katorika yatoye mitende, kandi n’ijoro ryiwe ry’ejo ku wa kane ryari ryiza.

Papa Fransisiko w'imyaka 86 yabazwe mu nda ku munsi wa gatatu. Ibikorwa vyo kumubaga vyamaze amasaha atatu. Imiti imusinziriza imuvuyemwo, yavyutse avuga ko ameze neza cane.

Naho Vatikano yemeza ko Papa Fransisiko ameze neza, imibonano yari yategekanije kugira yose yarasibijwe. Izosubira gutangura kw’igenekerezo rya 18 muri uku kwezi kwa gatandatu kugira abanze akire neza.

Mu gihe abatari bake bigeze kuba bavuga ko ashobora kuzotanga imihoho kubera kurwaragurika kwiwe, yavuze ko akibasha, hataragera ko aja mu za bukuru. (AFP)