Uko wahagera

Papa Asaba Gusengera Abanyagihugu ba Ukraine n'Uburusiya


Papa Fransisiko i St. Peter's Square mu nkuka y'imisi ya Pasika, kw'itariki 09/04/2023
Papa Fransisiko i St. Peter's Square mu nkuka y'imisi ya Pasika, kw'itariki 09/04/2023

Papa Fransisiko yasavye abemera gusengera abanyagihugu ba Ukraine n’Uburusiya mu butumwa yatanze kuri uyu musi w’Imana hahimbazwa Pasika. Papa yashimiye kandi ibihugu vyafashije impunzi aca ahamagarira ibiganiro hagati ya Isirayeri n’abanyeparestina.

Ibihumbi vy’abemera vyifatanije na Papa kuri uyu w’Imana guhimbaza izuka rya Kristo mu misa yabereye mu kibanza c’i St. Peter's Square. Yahatangiye ijambo akunze gushikiriza ryerekeye ibice vy’isi birimwo umutekano muke.

Yavuze ko ibihugu bifasha kandi vyakira abahunga intambara n’ubukene ari ibimenyetso bigaragaza ko imbere hari ivyizigiro. Yasavye Imana gufasha abanyagihugu ba Ukraine mu nzira yo kurondera amahoro. Yasavye kandi ko umuco wa Pasika umurikira Abarusiya.

Yateye akamo amakungu gukora kugira intambara iriko ibera muri Ukraine irangira ndetse n’intambara zose n’amaraso ariko araseseka kw’isi, uhereye muri Siriya bihagarare. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG