Mexique Itegekanya Kuzibira Abimukira Baca ku Rubibe rwa Guatemala

Bamwe mu bimukira bava muri Honduras ku rubibe rwa El Florido rufatanye na Guatemala

Mexique iriko iritegurira kwongereza bikomeye utwigoro twayo tw’ugupfunga abimukira binjiye ku butaka bwayo mu buryo budaciye mu mategeko bavuye muri Guatemala. Iyo ngingo ifashwe mu ntumbero y’ukwishura ku bitigiri biriko vyiyongera vy’abantu bariko bagerageza kwinjira ku butaka bwa Reta zunze ubumwe za Amerika.

Reta ya Amerika yatangaje muri iyi ndwi ko ihanganye n’ibitigiri umurengera vy’abimukira ku rubibe rwayo na Mexique itari bwabone mu kiringo c’imyaka 20. Ivuga ko ari ikibazo gikomeye cane. Ivyo bikaba vyateye impungenge Reta ya Mexique.

Reta y’ico gihugu izorungika inteko zijejwe umutekano ku rubibe na Guatemala kuzibira abimukira benshi muri bo baba bariko baza bavuye mu bihugu 3 bikenye kandi kenshi birangwa n’ubwicanyi n’uruhagarara vya Guatemala, El Salvador na Honduras vyo muri Amerika yo hagati.

Ubutunzi bw’ivyo bihugu bwarasinzikajwe n’ikiza ca Covid-19. Inteko zijejwe umutekano za Mexique, zari zakoreshejwe mu kugabanya ibitigiri vy’abimukira igihe vyari vyiyongeye mu mwaka w’i 2019, ni zo zizofata iya mbere no muri iki gihe muri ico gikorwa.

Zizogerageza kuzibira amayira yose abimukira bacamwo kugira binjire ku butaka bwa Mexique baturutse muri Guatemala. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika avuga ko igihugu ciwe cakira neza utwigoro tw’igihugu ca Mexique tw’uguhagarika abimukira barondera kuza muri Amerika hamwe n’utugenewe kubandanya gukorana hagati y’izo mpande zibiri.