Uko wahagera

Joe Biden Yitezwe Guhindura Vyinshi mu Gisata c'Impunzi n'Abimukira


Perezida yatowe Joe Biden, muri reta ya Wilmington, muri Delaware.
Perezida yatowe Joe Biden, muri reta ya Wilmington, muri Delaware.

Reta igiye kuza ya perezida yatowe Joe Biden ishobora kuzohindura ibitari bike mu mategeko yose yafashwe na Perezida Donald Trump mu gisata c’impunzi n’abimukira, menshi muri yo yaneguwe n’abatavuga rumwe nawe. Biden ashobora kandi gukoresha ububasha bwa perezida, ubwo Trump yakoresheje mu gushiraho ayo mategeko, yisunze ububasha ahabwa.

Mu myaka ine iheze, Perezida Trump yarasinye amategeko ya perezida arenga 400, ahindura ibitari bike mu gisata c’impunzi n’abimukira binjira canke baba muri Amerika, akoresheje ububasha bwa perezida ahabwa n’amategeko.

Michele Waslin, ajejwe amaporogaramu mu kigo c’ubushakashatsi muvy’abimukira muri kaminuza George Mason University yo muri Amerika, yavuze ko ivyahinduwe na Trump birimo ingingo zafashwe ku bemerewe kwinjira muri Amerika. Ibindi yahinduye ni amategeko mu gisata gikurikirana impunzi, amategeko yo gusaba ubuhungiro, kwubaka uruhome ku rubibe na Mexique, no kugabanya impunzi Amerika yakira buri mwaka.

Mu misi 100 ya mbere ku butegetsi, vyitezwe ko Biden ahagarika itegeko rya perezida Trump yasinye, ribuza abenegihugu b’ibihugu bimwe bimwe gutemberera Amerika. Ibihugu bigwiriyemwo abayisilamu vyegwa n’iryo tegeko ni Myanmar (canke Birimaniya), Eritreya, Kyrgyzstani, Nijeriya, Sudani, Tanzaniya, Irani, Libiya, Somaliya, Siriya na Yemeni. Ibindi bihugu ni Venezuela na Koreya ya ruguru.

Abashakashatsi bavuga kandi ko abandi bazokwungukira kuri Reta ya Biden ari abari muri porogaramu yiswe DACA, abana bavukiye muri Amerika ku bavyeyi binjiye mu buryo butemewe n’amategeko. Iyo porogaramu yarabakingira gusubizwa mu bihugu abavyeyi babo baje bavamwo.

Amerika imaze imyaka yakira ibihumbi vy’impunzi buri mwaka, ariko reta ya Trump yaragabanuye ibitigiri vy’abakirwa. Biden vyitezwe ko yongereza ivyo bitigiri mu mwaka wa 2021, aho reta ya Trump yashinze ko izakira abantu 15 000. Biden yavuze ko azokwongereza ico gitigiri ku bantu 125 000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG