Igice ca mbere c’Abarundi bahungutse bavuye mu Rwanda batahutse kuri uyu wa kane. Bose hamwe barenga gato 500, bavuye mw’ikambi ya Mahama iri mu buseruko bw’u Rwanda, ikambi irimwo Abarundi barenga ibihumbi 60. Baciye Ku mupaka wa Gasenyi Nemba ihana urubibe n’intara ya Kirundo mu Burundi. Baje kwakirwa n’abategetsi batandunye b’Uburundi.
Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yahaye ikaze abahungutse ahamagarira abajejwe intwaro kubashigikira, yongera atera intege abasigaye mu buhungiro gutahuka.
Ibindi kuri ino nkuru turacabitunganya.