Burundi: Abadakinga Corona Bazoshengezwa mu Butungane

Thadee Ndikumana, umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Burundi

Mu Burundi, Reta yatangaje ko abantu bose batazubahiriza amabwiriza n'ingingo zo kwirinda gukwiragiza ikiza ca Covid-19 bazotangishwa ihadabu hejuru yo gushengezwa mu butungane.

Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu muri ico gihugu Thaddee Ndikumana yabivuze kuri uyu wa gatatu inyuma yaho mu misi ibiri gusa hatorewe abantu 40 banduye umugera wa Corona ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura no mu nkengera zawo.

Mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu Thaddee Ndikumana yasavye ko ingingo zo kwirinda ikwiragizwa rya Coronavirus zubahirizwa ku kadomo maze uwutazovyubaha agatangishwa ihadabu hadashizwe inyuma ugukurikiranwa n’ubutungane.

Naho igitigiri c’ihadabu izotangishwa bene ibibanza canke abajejwe ibibanza bihuriramwo abantu benshi itavuzwe uko ingana, ayazotangishwa amahoteri yakira ingenzi ziva hanze akarenga ku masezerano yo arazwi ni imiriyoni 2 z’amarundi hejuru yo gushobora nayo nyene gushengezwa imbere y’intahe.

Kuva umuntu wa mbere afise umugera wa Covid-19 amenyekanye mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze, abantu 884 ni bo Reta itangaza ko bawanduye, 773 bakaba barakize, 2 urabahitana mu gihe 109 bakiri ku musego.

Your browser doesn’t support HTML5

Abatazokinga Corona mu Burundi Bazohanwa Gute?