Burundi: Abanyororo Bagifunzwe Bararekuriwe na Prezida Baratabarizwa

Umwe mu bapfasoni bafungiwe mw'ibohero rikuru rya Mpimba ku Musaga i Bujumbura. Ino foto, yafashwe mu kwa kane ko mu 2021 umusi Prezida Ndayishimiye aha ikigongwe abarenga 5000

Ku banyororo barenga ibihumbi bitanu umukuru w'igihugu c'Uburundi yari yahaye ikigongwe muri 2021, 2700 bonyene ni bo barekuwe. Ivyo bishikirizwa n'ishirahamwe " Ntabariza" riharanira agateka k'abanyororo n'imiryango yabo rigasaba ko ingingo perezida Evariste Ndayishimiye afata abajejwe kuzishira mu ngiro batozibera intambamyi.

Umukuru w’iryo shirahamwe Jean Marie Nshimirimana yemeza ko inzu z’imbohe mu Burundi zahindutse nk’ikuburiro abafungwa umurengera bakaba bafunzwe ata mvo zumvikana zihari bitewe n’uko hari abantu bagiye bitwaza igikenye n’ijunja bafise mu gufungisha abantu uko bavyishakiye.

Ibitigiri vy’umurengera mu mabohero na perezida Evariste Ndayishimiye biramuraje ishinga. Kuwa 31 ukwezi kwa 12 mu gihe yaganirira abanyagihugu n’abamenyeshamakuru yavuze ko yifuza kubigwanya yemeza ko kubwiwe inzu z’imbohe zikwiye kurungikwamwo abicanyi bonyene.

Ikindi kibazo ishirahamwe Ntabariza idomako urutoke mu gisata c'abanyororo, ni ibiribwa bike bihabwa abafunzwe: Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe nk’urugero n’amasoko ari mu Rumonge yemeza ko ibiribwa abanyororo bahabwa biri ku rushi. Ku musi, umufungwa umwe ahabwa ibiyiko bitarenga bine vy’ibiharage n’icakane c’ikiro c’ubufu bw’imyumbati.

Umviriza ibindi aho munsi mu nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.

Your browser doesn’t support HTML5

Abandi Batabarizwa ni Abanyororo Bafungurirwa Ibidakwiye