Inyuma y’aho umukuru w’igihugu c’Uburundi atereye igikumu kw’itegeko riha ikigongwe abanyororo barenga ibihumbi bitanu, ishirahamwe Ntabariza riharanira agateka k’abanyororo ryaciye rigira ingendo mu mabohero 10 kuri 11 agize Uburundi kiretse irya Mpimba riri ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ryavugwamwo ikiza ca Coronavirus.
Jean Marie Nshimirimana, aserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko, kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yavuze ko "ahumurije abafise umwitwarariko umaze kwerekenwa na benshi ko imfungwa zitarasohoka amabohero kandi mu mategeko y’igihugu itegeko ry’ikigongwe rya prezida ribwirizwa guca rija mu ngiro".
Nshimirimana asanga ata ngorane irimwo kubera ari igikorwa co kubanza kwitonderwa.
Ariko amwe mu mashirahamwe yandi yigenga nka ACAT Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu rikaba no mu yafasha abanyororo, risanga hakiri agahaze. Maitre Jean Claude Ntiburumusi, ajejwe amategeko muri iryo shirahamwe yavyiganiye Ijwi ry’Amerika.
Perezida Ndayishimiye, imbere y’ugutanga ikigongwe ku mbohe yari yatangarije muri komine Buraza intara ya Gitega hagati na hagati mu gihugu ko umuntu wese yaciriwe ihadabu atazorekurwa kugeza arishe isenti rya nyuma.
Ariko umukuru wa Ntabariza abona ko kuri kino kibazo hakwiye kuba agahengekerezo.
Hari imirwi y’abafungwa iterekewe n’ikigongwe ca perezida. Ni nk’abagirizwa ubwicanyi, umutekano w’igihugu, abashatse gutembagaza ubutegetsi, abagirizwa ubusuma bw’abitwaje ibigwanisho canke ababifatanywe hamwe n’abakurikiranwa ku vyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu no gufata abakenyezi n’abigeme ku nguvu.
Maître Ntiburumusi amenyesha ko ibi bifise intumbero yo kugumiza mu buroko abagirizwa ivyaha vya poritike. Kugeza mu mpera z’umwaka ushize, abanyororo bari mu mabohero 11 y’Uburundi bari 12,751 mu gihe ayo mabohero afise ububasha bwo kwakira abatarenga 4,194.
Facebook Forum