Abanyalibiya ntibazi niba amatora azoba mu gihe hasigaye imisi umunani gusa ku kirangamisi cayo. Umutegetsi wo mu rwego rw’igihugu rujejwe amatora yamenyesheje uno musi ku wa kane ko gutunganya ayo matora ku gihe ari ibintu bidashoboka muri iki gihe.
Ayo matora yari ategekanijwe kuba kw’italiki ya 24 y’ukwezi kwa cumi na zibiri yari intumbero yo gufasha guhagarika akajagari kamaze imyaka cumi mu gihugu mu gushiraho ubuyobozi bwemewe n’abanyagihugu.
Ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, urwego rw’igihugu rujejwe amatora rwamenyesheje ko rutazotangaza urutonde rwa nyuma rw’abakandida bazokwitoza rufatiye ku bakandida 98 biyandikishije gushika habaye ibiganiro bijanye n’amategeko n’inzego zijejwe ubutungane n’inama nshingamateka.
Abakandida bahiganwa n’abandi banyapolitike bamaze igihe baterana amajambo, bagirizanya kugerageza guhagarika umugambi w’amatora hamwe n’ugushira imbere inyungu zabo.
Ibihugu vy’ibihangange vyo kw’isi n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU biguma bisaba ko amatora ategerezwa kuba nk’uko bitegekanijwe. Yamara ntibavuze ku buryo bugaragara ku bijanye n’italiki ya 24 y’ukwezi kw’icumi na kabiri. (Reuters)