Abiy Ahmed Yaronkejwe Agashimwe k'Amahoro Kitiriwe Nobel

Abiy Ahmed ni umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Etiyopiya

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Etiyopiya, Abiy Ahmed, yatsindiye agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel uno mwaka. Yakira ako gashimwe, yatangaje ko amabi yabonye igihe yari umusirikare akiri muto mu gihugu ciwe vyatumye yiyemeza kurondera ingene yohagarika ingwano yamaze igihe kirekire hagati ya Etiyopiya na Eritreya.

Ivyo Abiy Ahmed yabitangaje mu birori vy’ukwakira icese agashimwe kiwe vyabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Norvege, Oslo, uno musi ku wa kabiri. Ahmed yasiguye ko ingwano ari umuriro udahera ku mpande zose ziba ziyifisemwo uruhara.

Mw’ijambo ryiwe Abiy Ahmed yavuze kandi ko imirwi y’intagondwa n’ibihugu vy’ibihangange mu vya gisirikare mu makungu bibangamiye amahoro n’umutekano mu karere ko mw’ihembe rya Afurika. Ntiyigeze yamara atomora ngo adome urutoke imirwi yavuze canke ivyo bihugu.

Umurwi ugena abaronswa ubushimwe butandukanye bwitiriwe Nobel wasiguye ko wahisemwo guha ako gashimwe Abiy Ahmed kubera ari we yatumye haboneka amasezerano y'amahoro hagati ya Eritreya na Etiyopiya.