Abarundi bahungutse bavuye mw'ikambi ya Mahama mu Rwanda ntibashoboye kubonana n'ababo bari baje kubategera. Bamaze guhabwa idarapo ry'igihugu n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere rusangi, Abarundi bahungutse baciye bacishwa mu bibanza bapimiramwo umugera wa Covid-19 babanje gukarabishwa.
Baciye burizwa imodokari zari zibarindiriye kugira babandanye mu kigo cabateguriwe ca Songore muri komine ya Kiremba y'intara ya Ngozi. Muri ico kibanza bagiye kumaramwo imisi 3, bagiye gukurikiranwa n'abahinga mu gukinga ikiza ca Covid-19 bongere baharonkere n'inyigisho zo gukunda igihugu nk'uko umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yabakiriye yabitangaje.
Kuba baciye babandanya ntivyakiriwe kumwe n'Abanyakirundo batari bake bari baje kubategera. Mubo bitaguye neza, hari abari baje kuraba ko hari ababo bobona mu bahungutse bataha uko bazindutse. Bari biteze ko baronka amakuru y'abaje, bakaronka n'amakuru ku bagiye kuza.
Ku ruhande rw'Uburundi, ibikenewe vyose vyari vyategekanijwe kugira bikingire ikiza ca Covid-19. Yamara, ntivyahavuye biba vyiza cane guhana intambwe y'imetero bitahavuye bishoboka. Ivyo vyabonetse kubari baje gutegera ababo, abamenyeshamakuru benshi bariko barakurikirana ico gikorwa n'abahungutse aho bari batonze.