Donald Trump Yagenye Kari Lake Kuba Umuyobozi w’Ijwi ry'Amerika

Kari Lake, yagenywe na Donald Trump nk'uwugiye kuba umuyobozi mukuru w'Ijwi ry'Amerika.

Donald Trump, aherutse gutorwa mu mabanga ya Prezida wa Amerika, yagenye Kari Lake kuba umuyobozi w’Ijwi rya Amerika. Mw’itangazo, Trump yavuze ati: Ndashimishijwe no gutangaza ko Kari Lake azoba umuyobozi mushasha w’Ijwi ry'Amerika”.

Trump yavuze ko Kari Lake, yahoze ari umumenyeshamakuru yateramisha ibiganiro kuri televiziyo yo mu gisagara ca Phoenix, muri Reta ya Arizona, azokorana cane n’umuyobozi azogenwa vuba mu mabanga yo kuyobora ikigo ca Amerika kijejwe itangazamakuru mu makungu, USAGM.

Yatangaje ko bompi bazokora uko bashoboye kwose kugira imico n’akaranga vya Amerika, harimwo ubwigenge vya Amerika bimenyekane kw’isi mu buryo butagira akanenge kandi buvugisha ukuri. Trump yavuze ko ivyo bizoba bitandukanye n’"ibinyoma bikwiragizwa n’ivyo yise itangazamakuru ry’irementanya"

Kari Lake yishuye avuga ati: “Ni iteka kuri jewe kubona Prezida Trump yasavye kuyobora Ijwi ry'Amerika”. Yongeye avuga ko ijwi rya Amerika ari ishirahamwe ritangaza amakuru rifise akamaro gakomeye cane mu makungu.

Yatangaje ko ryiyemeje ku vyerekeye gushira imbere inyungu za Amerika mu kurondera no gushikiriza amakuru abanyagihugu bose kw’isi, hamwe no gushira imbere demokrasi n’ukuri.

Ijwi ry'Amerika, rifise abaryumviriza imiliyoni 326 mu bice bitandukanye vyo kw’isi, ritanga amakuru mu ndimi 48. Kari Lake yagize ati: “Mu kiringo c’ubuyobozi bwanje, Ijwi ry'Amerika, rizokora mu buryo bushimshije cane mu gikorwa caryo: gutagariza amakungu ibintu bikomeye Amerika yashitseko”.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryatangaje ko "Kari Lake ari umuntu ashigikiye cane Donald Trump, kandi afise ivyiyumviro birwanya cane abimukira."

Yarabaye umumenyeshamakuru yateramisha ibiganiro kuri televiziyo yo mu gisagara ca Phoenix, muri Reta ya Arizona, haraheze hafi y’imyaka 30. Yakoze uwo mwuga gushika ahave mu mwaka w’i 2021. Hari inyuma y’uko atangaje ibintu "bidahuriweko na bose ku mbuga ngurukanabumenyi, harimwo amakuru atari ay’ukuri ku kiza ca COVID-1,9 igihe ico kiza caduka."

AP ibandanya kuvuga ko "Kari Lake ari umuntu afise impano yo kuvuga. Yatanguye imirimo yiwe ya politike, nyuma gatoyi y’aho ahagarikiye ibijanye no gutangaza amakuru. Yararonse abantu bamushigikira n'ingoga, ariko yarateranye amajambo n’abamenyeshamakuru akatari gake, yongera araja ku ruhande rwa Trump, mu kunebagura bikomeye ivyo yise amakuru y’irementanya”.

Kari Lake yariyamamarije kuba Bulamatari wa Reta ya Arizona, n’ikibanza c’umukenguzamateka muri Kongre ya Amerika. Yamara ntiyashoboye gutsindira ivyo bibanza uko ari bibiri.

Donald Trump, aherutse gutorwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu muri Amerika, muri kahise, yaranebaguye bikomeye Ijwi rya Amerika, harimwo ivyo yatangaje mu mwaka w’i 2020 ko ibintu rivuga kuri Amerika biteye isoni. (AP)