Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, ku musi w'Imana, ryaratangaje ko ritewe impungenge n'ingingo yo kwigizayo amatora y'umukuru w'igihugu muri Senegal.
Mw’itangazo ryasohowe n’umuyobozi mukuru waryo ryasavye Reta ya Senegal gutunganya amatora y’umukuru w’igihugu mu buryo bushoboka, mu muco, mu mahoro no mu mwumvikano mu gihugu.
Moussa Faki Mahamat, uriyobora, yasavye kandi ko haba ibiganiro kuri ico kibazo. Prezida wa Senegal.
Macky Sall, ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, yaratangaje ko amatora yari ategekanijwe kw’itariki 25 y’uku kwezi kwa kabiri azokwigizwa inyuma, kubera habaye ukutumvukana ku rutonde rw’abazokwitoza.
Abatavuga rumwe na reta bariyamirije ingingo yo gusibisha amatora. Bagirije Prezida Macky Sall ko ariko arondera kwongereza ikiringo ciwe ku butegetsi.
Anta Babacar Ngom, umwe mu bari bafise umugambi wo guhiganira ikibanza c’umukuru muri Senegal, yatangaje ko Prezida Sall ariko arerekana uwari we mu vy’ukuri. Yavuze ko Sall ariko agerageza kuguma ku butegetsi mu biciye kubiri n’ibwirizwa shingiro. Ngom yatangaje ko Abanya-Senegal batazovyemera.
Ingingo yo kwigizayo amatora yafashwe inyuma y’uko urwego rujejwe ibwirizwa shingiro, mu kwezi guheze rukumiye bamwe mu banyapolitike bakomeye batavuga rumwe na reta ku rutonde rw’abazokwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu.
Mu bakumiwe harimwo Karim Wade, hamwe n’umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na reta, Ousmane Sonko.
Imyiyerekano yaranzwe n’uruhagarara yo kwiyamiriza ingingo yo gusibisha amatora yarabaye ku musi w’Imana, ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar.
(AFRICANEWS)