Reta y'Uburundi ifitiye amabanki akorera hagati muri ico gihugu umwenda ungana n'amamiriyaridi ibihumbi bitandatu vy'amafaranga y'amarundi. Ivyo bishikirizwa n'umuhinga yanonosoye ivy'ubutunzi Diomede Ninteretse aheruka gukora icigwa ku vyerekeye amadeni Reta y'Uburundi ifise n'icokorwa kugira ibintu bihinduke.
Ku bw’uwo muhinga, Diomede Ninteretse, ideni Reta y’Uburundi ifitiye amabanki yo hagati mu gihugu risumba kure amafaranga ikoresha ku mwaka.
Kubera umurengera w’amadeni, Umuhinga Ninteretse asigura ko abanyagihugu muri rusangi hamwe n’abagwizatunga baca babura amadeni mu mabanki y’ubucuruzi bigatuma imigambi y’iterambere ihagarara.
Umuhinga Ninteretse ahanura Reta kwirinda gufata umwenda mu mabanki kubera bifise ingaruka mbi cane ku butunzi bw’igihugu.
Icigwa c'Umuhinga Ninteretse gisohotse inyuma y'urugendo umurwi w’ikigega c’isi, FMI, wari urongowe na Mame Astou Diouf, ajejwe Uburundi muri ico kigega mpuzamakungu wakoreye mu Burundi.
Muri raporo uwo murwi wasohoye, uvuga ko wabonanye n’abategetsi b'Uburundi hagati y’amatariki ya 25 na 29 ukwezi kw’icenda, maze hagati y’itariki ya 2 n'iya 4 uku kwezi kw’icumi ukorana inama n’abategetsi b’Uburundi ku buhinga bwa none. Mu bategetsi baganiriye n’izo ntumwa, harimwo umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca.
Icegeranyo c’uwo murwi Ijwi ry’Amerika ryabonye kivuga ko ubutunzi bw’Uburundi bugeze ahatemba, naho habaye utwigoro two kubunagura. Akarorero uwo murwi utanga, ni uko hagati mu kwezi kw’icenda, Uburundi bwari bufise amahera mu kigega ntegabizoza y’agaciro abushoboza kurangura mu makungu y’indwi zibiri zitarenga ntizirenguke, mu gihe mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka ayo mafaranga yari ku rugero rw’ukwezi kurenga indwi imwe gusa.
Haheze indwi zibiri, Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuze ko ibanki y’isi yose na FMI bagiriza ubutegetsi bw’igihugu kwiba amafaranga yagenewe imigambi. Igihe abivuga, yasavye abaserukira abandi mu nzego z’umutekano kumufasha mu rugamba rwo kurwanya ba kaboko. Prezida Ndayishimiye yemeje ko buri mwaka umuliyaridi urenga w’amadolari uja mu mifuko y’abantu aho kuja mu kigega ca Reta.
Umukuru w’ishirahamwe , OLUCOME, Gabriel Rufyiri, avuga ko ibintu vyarenze ihaniro. Mu rwandiko iryo shirahamwe ryasohoye ryemeza ko ubu ibintu vyose vya nkenerwa mu gihugu uhereye ku miti ukageza ku mwavu w’ikizungu abantu bakenera bigurwa nabi nabi cane kubera igihugu kitagira amikoro cane cane mu bijanye n’amafaranga y'agaciro.
Mu mwaka uheze, ikigega c’isi FMI cavuze ko Uburundi ari co gihugu ca mbere gikenye kw’isi. Ico kigega camenyesheje ko 87% vy’Abarundi bakoresha bakongera bakabeshwaho n'amadorali adashika kuri abiri ku musi.
Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza
Your browser doesn’t support HTML5