Banki y’Isi na FMI vyagiriza abategetsi b’Uburundi ko aribo barya ibiturire. Vyatangajwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ku mugoroba wo kuri uyu wa Kabiri.
Perezida Ndayishimiye yemeza ko hari akarwi k’abansi b’igihugu bishize hamwe mu guhomvya igihugu babifashijwemwo na OBR ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi.
Yabivugiye mu nama yagiranye n’inzego nkuru zitandukanye zirimwo abategetsi bo mu gisirikare, umutekano, abajejwe intwaro n’ubutungane yabereye mu ntara ya Muramvya.
Muri iyo nama, Perezida Ndayishimiye yashimikiye cane cane ku bikorwa vy’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR, yavuze ko kidakora ico kijejwe kandi ari wo mutima igihugu kizeyemwo amafaranga yo kucubaka.
Perezida Ndayishimiye avuga ko hari akarwi k’abantu bishize hamwe kugira ngo barwanye ko hari amafaranga yinjira muri Reta azokore ibikorwa biraba abanyagihugu.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye amenyesha ko ababajwe n’uko yagirizwa n’amakungu ko abategetsi b’Uburundi ari bo ntandaro yo kurya ibiturire.
Aha kandi Ndayishimiye asigura ko ibiharuro vya reta vyerekana ko ibidandazwa vyinjira mu gihugu vyategerezwa gutanga amakori, usanga Reta ironkamwo n’imiburiburi ica cumi c’ayategerezwa kuja mu kigega cayo.
Ivyo vyemezwa kandi n’Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Audace Niyonzima yari no mu bitabiriye iyo nama. Uyu amenyesha ko inzira zose zo kunyuruza amakori n’amatagisi mu kwinjiza ibidandazwa mu gihugu bitarishe abakora muri OBR ari bo babarerekeye ko zamenyekanye.
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta yatangaje ko inzego zose, iz’umutekano zirimwo n’igisirikare bagiye gukorera hamwe mu kurwanya igiturire, n’abashaka kunyonora amatungo y’igihugu.
Bamwe mu bakurikiranira hafi politike y’Uburundi bavuga ko umukuru w’igihugu yari akwiye gufatira ingingo uwo wese abangamiye ubutunzi bw’igihugu igihe cose bigaragaye, agendeye kw’ibwirizwa shingiro.
Mu Burundi haratanguye isekeza ryo kurwanya ibikorwa vya forode mu gihugu cose. Mu mezi hafi abiri gusa iryo sekeza ritanguye, umukuru w’igihugu yatangaje ko abantu 233 ari bo bamaze gufatwa, ibintu vyafashwe navyo bikaba bitaraharurirwa igitigiri c’amafaranga.
Gusa Prezida Ndayishimiye yamenyesheje ko biharurwa mu mamiriyalidi n’amamiriyaridi. Intara zatangajwe ko zitarafatwamwo abaforoderi ni Gitega, Bururi, Mwaro na Karusi. Ivyo perezida yise ko batari ku kivi kuko naho batabuzeyo.
Fyonda munsi usome ibindi kuri ino nkuru ya Thierryve Ndayishimiye
Forum