Uburusiya Butangaza ko Budatewe Ubwoba na Burende Amerika Yahaye Ukraine

Burende zo mu bwoko bwa Abrams muri Polonye

Abategetsi b'Uburusiya, kuri uyu wa kabiri, batangaje ko ibimodoka vya burende bizwi kw'izina rya Abrams Reta Zunze Ubumwe za Amerika yahaye Ukraine ataco bizohindura ku bitero bariko bakorana muri Ukraine.

Ku musi wa mbere, Ukraine niho yatangaje ko yaronse ivyo bimodoka vya burende, basanga ko bizofasha gusenya ibirindiro vy’Uburusiya vyakomejwe cane.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru ko ataco ivyo bimodoka bizohindura ku bikorwa vya gisirikare bidasanzwe igihugu ciwe kiriko gikorera muri Ukraine. Peskov yatangaje ko ata kirwanisho na kimwe gishobora guhindura uko ibintu vyifashe ku rugamba.

Ukraine imaze igihe isaba ibihugu vyo mu burengero bw’isi ibindi birwanisho, harimwo misile zirasa kure cane. Ukraine yasavye ivyo birwanisho kugira bifashe inteko zayo gusenya ibirindiro vy’Uburusiya no gukora ibitero kure cane mu bice vya Ukraine bigenzurwa n’Uburusiya.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeye, mu ntango z’uyu mwaka, guha Ukraine ibimodoka vya burende vya Abrams 31. Biri mu mfashanyo y’amafranga arenga imiliyaridi 43 y’amadolari Amerika yemereye Ukraine kuva ingwano muri ico gihugu itangura. (AFP)