Uko wahagera

Amerika Igiye Kurungikira Vuba Ukraine Burende za M1 Abrams


Abasirikare ba Amerika bariko baramenyereza abandi gutwara burende yo mu bwoko bwa M1 Abrams muri Jordaniya, kw'itariki 8/09/2022
Abasirikare ba Amerika bariko baramenyereza abandi gutwara burende yo mu bwoko bwa M1 Abrams muri Jordaniya, kw'itariki 8/09/2022

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Lloyd Austin, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko ibimodoka vya burende vyitwa M1 Abrams, ubushikiranganji bwiwe bwemereye Ukraine bizoshika muri ico gihugu vuba.

Umushikiranganji Austin yongeye atangaza ko igikorwa co kumenyereza abadereva b’indege z’ingwano b’abanya-Ukraine gutwara indege z’ingwano zo mu bwoko bwa F-16 kiriko kirabandanya. Harimwo n’imyimenyerezo baronkera muri Amerika.

Mw’ijambo yashikirije ari mu Budagi, mu nama y’ibihugu bikorana na Ukraine ku bijanye n’ukwivuna umwansi, Austin yasavye ibihugu bikorana na Amerika guha Ukraine uburyo bwo kwivuna ibigwanisho vya misile bikeneye.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Lloyd Austin, yavuze ko ibitero Uburusiya bwakoze, bitariko bibera ahabera urugamba, vyasinzikaje bikomeye abanyagihugu kandi bigeramira ibifungurwa mu makungu.

Bitegekanijwe ko kuri uyu wa kabiri, inama y’umurwi urimwo ibihugu bigera kuri 50 bikorana na Ukraine mu bijanye no kwivuna umwansi, idashimikira ku vyo igisirikare ca Ukraine gikeneye mu gihe co hafi gusa. Ahubwo itegekanya no gushimikira ku migambi yo gufasha Ukraine gutunganya igisirikare cizigiwe kandi gifise ubushobozi kurushiriza mu kiringo kirekire kiri imbere.

Umushikiranganji Lloyd Austin yakiye neza umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi mushasha wa Ukraine, Rustem Umerov, yasubiriye uwahahora, Oleksii Reznikov, mu ntango z’uku kwezi. Austin yavuze ko bazoguma bafatanye mu nda, kandi batazodohoka ku migambi bashaka gushikako yerekeye gufasha Ukraine kwivuna ibitero vy’Uburusiya, no kubona ko ata gasomborotso gasubira kurangwa mu makungu. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG