Uko wahagera

Ukraine Yakoroye Drone z'Uburusiya mu Ntara Zitandukanye


Ifoto yafashwe n'igisirikare ca Ukraine yerekana ikamyo yaturiwe na drone y'Uburusiya mu ntara ya Ukraine ya Odesa region.
Ifoto yafashwe n'igisirikare ca Ukraine yerekana ikamyo yaturiwe na drone y'Uburusiya mu ntara ya Ukraine ya Odesa region.

Igisirikare ca Ukraine, kuri uyu wa kane, catangaje ko carashe congera kirasambura utudege twa drone 17 Uburusiya bwakoresheje mu bitero vyabaye mw'ijoro ryashiriye uno musi ku wa kane, mu bice bitandukanye vy'igihugu.

Igisirikare ca Ukraine cavuze ko Uburusiya bwakoresheje utudege twa drone 22 mu bitero bitari bike mu ntara zine zitandukanye.

Serhiy Lysak, Bulamatari w’intara ya Dnipropetrovsk, yatangaje ko ibisigarira vya kamwe mu tudege dutatu twasambuwe, kari mu kirere hejuru y’iyo ntara kononye inyubakwa n’imodoka. Lysak yavuze ko Uburusiya bwarashe na vya muzinga muri iyo ntara, yamara ko ata bapfuye canke abakorenetse batangajwe.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya yavuze ko uburyo bwo kwivuna umwansi bwasambuye kuri uyu wa kane, drone zitari nke za Ukraine zari mu kirere hejuru y’intara ya Bryansk, iri mu burengero bw’Uburusiya. Bwavuze kandi ko bwatesheje kuri uyu wa kane, igitero ku bwato bwabwo bwariko bugenzura ibahari yirabura. Bwatangaje ko inteko zabwo zasambuye ubwato butagira abadereva 5.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwatangaje kandi ko bwasambuye drone 11 za Ukraine zari mu kirere kiri hejuru y’intara ya Krimeya, Uburusiya bwigaruriye. Vyabaye umusi umwe inyuma y’uko Ukraine ikoze igitero ca misile mu kibanza ubwato bukorerwamwo canke busanurirwamwo mu ntara ya Crimeya. Abantu 24 barakomeretse, ubwato 2 bwariko burasanurwa burononekara.

Forum

XS
SM
MD
LG