Mali na Burkina Faso Vyarungitse Intumwa muri Nijeri

Mali na Burkina Faso, uno musi ku wa mbere, vyarungitse intumwa muri Nijeri. Ni mu ntumbero yo kwerekena ko bishigikiranye. Ivyo bihugu vyose biyobowe n'abasirikare bakoze kudeta.

Bitegekanijwe ko intumwa z'ivyo bihugu, zatangajwe n’igisirikare ca Mali, zishika muri Nijeri, uno musi ku wa mbere. Abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri barihojeje itariki ntarengwa yo ku musi w’Imana yashizweho n’ishirahamwe ryo gufashanya ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO. Basabwe gusubiza ku butegetsi prezida yavuye mu matora, Mohamed Bozoum, atari uko Nijeri ikitega igitero ca gisirikare c’iryo shirahamwe.

Mu gihe ico kiringo ntarengwa carenganye, abashikiranganji bajejwe kwivuna abansi b’ibihugu bigize ishirahamwe CEDEAO, batangaje ko bumvikanye ku ngingo bashobora gufata ku vyerekeye kurungika inteko muri Nijeri. Yamara amakuru itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP, ryaronse avuga ko ingingo ya gisirikare ijejwe kugarukana ku butegetsi Prezida Bazoum mu maguru masha itariyumvirwa. Inama y’abategetsi b’ibihugu bigize ishirahamwe CEDEAO izoba mu misi mikeyi iri imbere.

Mali na Burkina Faso, aho ibisirikare vyafashe ubutegetsi muri kudeta mu mwaka w’i 2020 n’uw’i 2022, vyaragabishije mw’itangazo vyashikirije hamwe, ko bizobona igitero c’igisirikare ca CEDEAO muri Nijeri nko gutangaza ingwano kuri ivyo bihugu. Ubufransa bwavuze ko buzohagarika imfashanyo ijejwe iterambere igenewe Burkina Faso bifatiye ku vyo ico gihugu catangarije hamwe na Mali. (AFP)