ONU: Hakenewe Amadolari Arenga Imiliyaridi 3 yo Gufasha Abanyagihugu n'impunzi muri Sudani.

Fleeing Sudanese seek refuge in Chad

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryatangaje ko amafranga arenga imiliyaridi 3 y'amadolari akenewe kugira afashe abanyagihugu n'impunzi muri Sudani.

Ku bijanye n’imfashanyo igenewe abanyagihugu yonyene, ishirahamwe ONU ryavuze ko rikeneye imiliyaridi 2 n’imiliyoni 600, hisunzwe ibiharuro vyasubiwemwo. Iryo shirahamwe ryari ryamenyesheje ko rikeneye umuliyaridi n’imiliyoni 750 mu kwezi kw’icumi na kabiri kw’umwaka urangiye w’i 2022.

Ayo mafranga yotuma amashirahamwe y’abagiraneza ashobora gufasha bamwe mu bantu imiliyoni 18 basinzikaye kurusha abandi muri Sudani, nk’uko bitangazwa na Ramesh Rajasingham, ayoboye ibiro vya ONU bijejwe ibikorwa vy’ugutabara.

Ku bijanye n’abahunze ingwano muri Sudani, ONU risaba imiliyoni 470 n’ibihumbi amajana ane. Ryamenyesheje ko ryiteze ko abantu bagera ku muliyoni n’ibihumbi ijana bazova muri Sudani muri uyu mwaka. Ramesh Rajasingham, ayoboye ibiro vya ONU bijejwe ibikorwa vy’ugutabara, yavuze ko muri iki gihe abantu imiliyoni 25, ibirenga igice c’abanyagihugu baba muri Sudani, bakeneye imfashanyo n’ugukingirwa.

Ububabare bw’banyagihugu bwari busanzwe muri Sudani bwarunyuwe n’ingwano ikomeye iri muri ico gihugu kuva hagati mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka w’i 2023. (AFP)