Amerika Yahagaritse Imfashanyo z'Ibifungurwa mu Ntara ya Tigreya

Impunzi zisabikanye imfashanyo zatanzwe na USAID mu buseruko bwa Sudani.

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika yifatanije n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu guhagarika imfashanyo z'ibifungurwa zigenewe intara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya.

Ikigo ca Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID, catangaje ko gihagaritse imfashanyo zose z’ibifungurwa zigenewe intara ya Tigreya gushika igihe iyindi ngingo izotangarizwa. Ni mu gihe kiriko gitohoza ubusuma ku mfashanyo zigenewe abanyagihugu. Ishirahamwe ONU ryemeje amakuru yatangajwe imbere ko naryo nyene ryafashe ingingo nk’iyo.

Umuyobozi w’ikigo, USAID, Samantha Power, yatangaje ko ikigo arongoye casanze imfashanyo z’ibifungurwa zigenewe abanyagihugu bo mu ntara ya Tigreya basinzikajwe n’inzara, zaranyurujwe, zigurishwa ku masoko yo muri iyo ntara.

Inyuma y’uko gisanze irengero ry’ibifungurwa ritazwi, ikigo USAID, carashikirije ayo makuru uwujejwe kugenzura ivyerekeye imfashanyo, yaciye atanguza itohoza. Inyuma y’aho ikigo USAID gikoranye na Ambasade ya Amerika i Addis Abeba, casanze ko kuba kirahagaritse imfashanzo z’ibifungurwa ari yo ngingo nziza ikenewe muri iki gihe.

Umuyobozi wa USAID, Samantha Power, yatangaje kandi ko Amerika yashikirije impungenge zayo abategetsi ba Reta ya Etiyopiya n’ab’intara ya Tigreya.

Abantu nka bose uko ari imiliyoni 6 baba mu ntara ya Tigreya babeshejweho n’imfashanyo z’ibifungurwa, inyuma y’imyaka 2 y’ingwano, yarangiye mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2022. (AP)