Uko wahagera

Etiyopiya: PAM Iriko Ikora Amatohoza y'Imfashanyo z'Abanyagihugu Zibwe Etiyopiya


Zimwe mu mfashanyoi z'banyagihugu muri Etiyopiya
Zimwe mu mfashanyoi z'banyagihugu muri Etiyopiya

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe ibifungurwa kw'isi, PAM, ririko riratohoza ubusuma bw'imfashanyo z'ibifungurwa yari igenwe abanyagihugu muri Etiyopiya.

Umuyobozi w’ishirahamwe, PAM, muri Etiyopiya, Claude Jidibar, yatangaje mw’ikete ko iryo shirahamwe ritewe impungenge zikomeye n’ubusuma bw’imfashanyo z’ibifungurwa yari igenewe abanyagihugu. Yatangaje ko ivyo bigeramiye igikorwa co koronka izindi mfashanyo abanyagihugu bakeneye cane.

Uwo muyobozi, Jidibar, yongeye avuga ko ari ngombwa ko ingingo zihutirwa zifatwa kugira imfashanyo z’ibifungurwa zikoreshwa nabi canke zinyuruzwa, ihagarikwe.

Ingaruka mbi z’uruzuba n’intambara muri Etiyopiya vyaratumye abantu imiliyoni 20 ku miliyoni 120 baba muri ico gihugu bazera ku mfashanyo. Yasavye amashirahamwe akorana na PAM guhanahana amakuru yose ku bifungurwa bikoreshwa nabi, canke binyuruzwa

Abakozi babiri b’amashirahamwe atanga infashanyo babwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Asociated Press, ko imfashanyo zasahuwe zirimwo ibifungurwa bihagije ku bantu 100,000. Vyamenyekanye mu misi ya vuba ko izo mfashanyo zibuze mu kibanza zari zibitswemwo mu gisagara ca Sheraro, casinzikajwe bikomeye n’ingwano yabareye mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG