Uburundi Bwarekuye Abaharanira Agateka ka Zina Muntu 5 Bwari Bupfunze

Impirimbanyi zarekuwe

Ubutungane bw'Uburundi bwarekuye kuri uyu wa gatanu abaharanira agateka ka zina muntu bari bafunzwe kuva mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka. Barekuwe inyuma y'ingingo ya sentare ya Ntahangwa mu buraruko bw'umurwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura, baca bataha mu ngo zabo.

Amashirahamwe yigenga akorera mu buhungiro yanezerejwe n'iyo ngingo. Anschaire Nikoyagize, umukuru wa Ligue Iteka, ishirahamwe rya mbere riharanira agateka ka zina muntu ryavutse mu Burundi ariko asaba abafasha Uburundi kwumvisha abategetsi ko abaharanira agateka ka zina muntu atari abansi b'igihugu.

Abakenyezi batatu Sonia Ndikumasabo, umukuru w'ishirahamwe ry'Abakenyezi b'Abarundikazi bize amategeko, Marie Emerusabe umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe, Audace Havyarimana, aserukira imbere y'amategeko APDH, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu na Sylvana Inamahoro umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe bari bahagarikiwe ku kibuga c'indege ca Bujumbura kuwa 14 ukwa kabiri uyu mwaka bariko baja mu nama i Kampala mu gihugu c'Ubuganda. Prosper Runyange, ajejwe umugambi wo guteza imbere indimo mûri APDH we yahagarikiwe i Ngozi mu buraruko aho akorera.

Bari bagirijwe ivyaha bibiri: Uguhungabanya umutekano w'igihugu no kugarariza inzego. Umushikirizamanza yari yabasabiye gufungwa kugera ku myaka 10 kuri uyu wa kane. Muri kahise ka vuba, ni imbonekarimwe aho abantu bagirizwa ibi vyaha barekuwe mu mwanya muto nk'uyu inyuma yo kugezwa imbere y'umucamanza.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Bwarekuye Impirimbanyi 5 Bwari Bwarapfunze