Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibifungurwa, PAM, ryavuze kuri uyu w’Imana ko ryahagaritse ivy’agateganyo ibikorwa vyaryo vyose muri Sudani. Ni inyuma y’aho batatu mu bakozi baryo biciwe mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’igisirikare c’igihugu hamwe n’abaparakomando bo mu murwi Rapid Support Forces, RSF.
Umuyobozi nshingwabikorwa wa PAM, Cindy McCain, yavuze ko bafise ishaka ryo gufasha abanyesudani bahanzwe n’ubukene bw’ibifungurwa, ariko kandi ngo ntibashobora kubikora ata mutekano w’abakozi babo.
Abakozi batatu ba PAM barishwe abandi babiri barakomereka mu gutana mu mitwe kwabaye mu gisagara ca Kabkabiya muri Darfur y’uburaruko. PAM ntiyavuze ibihugu abo bakozi bayo bishwe bamukamwo.
McCain yavuze kandi ko bigoye ko abakozi babo bakora neza inyuma y’aho indege ya ONU yononywe iri ku kibuga c’indege c’i Khartoum. Ibi vyabaye inyuma yo kurasana kwabaye hagati y’abashamiranye ku musi wa gatandatu.
Mu gatando ko kuri uyu w’Imana, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryateye ivyatsi iyicwa ry’abo bakozi ba PAM. Ryavuze ko bishwe bari mu kazi bahamagariwe.
Ukurwanira ubutegetsi hagati y’igisirikare ca Sudani hamwe n’abaparakomando bo mu murwi RSF kumaze guhitana ubuzima bw’abasivile 56 n’abakomeretse bashika 595, barimwo n’abarwanyi.
Intambara yatanguye ku wa gatandatu hagati y’imirwi y’abasirikare bashigikiye Jenerali Abdel Fattah al-Burhan n’iy’abitwa Rapid Support Forces (RSF) barongowe na Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo bakunze kwita Hemedti.
Ni ubwa mbere iyi mirwi isubiranyemwo kuva mu 2019 igihe bafashanya gukura ku butegetsi Omar Hassan al-Bashir yari perezida w’ico gihugu. (Reuters)