Abategetsi ba Reta zunze ubumwe za Amerika barasubije muri Texas abimukira bafashwe bariko baragerageza kwinjira muri Canada baciye mu kinyegero.
Igisata ca Amerika kijejwe kugenzura uruja n’uruza ku mipaka n’imbibe, cavuze ko indege zibiri za Amerika zatwaye abimukira 100 bafatiwe mu gisagara ca Plattsburgh, muri reta ya New York, hafi y’urubibe na Canada. Baciye basubizwa mu bisagara vya Harlingen na El Paso muri Texas.
Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, yavuze ko ahava ashikiriza ico kibazo c’abimukira mu mubonano na Prezida Joe Biden i Ottawa kuri uyu kane no kuwa gatanu.
Abacungera imbibe za Amerika bamaze kandi gufata abantu hafi 2.900 binjira muri Amerika bavuye muri Canada mu buryo butemewe n’amategeko mu mezi atanu kuva mu kwezi kw’icumi 2022.