Ibigitigiri vy’abimukira batagira ivya ngombwa bapfiriye mw’ikamyo kubera ubushuhe burenze urugero muri reta ya Texas vyaduze gushika ku bantu 51. Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze ko ubu ari ubwicanyi bw’abahomerabunwa bwakozwe n’abarondera inyungu z’amafaranga mu rudandaza rw’abantu.
Ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati bwa Amerika bwatangaje ko bwuguruye amatohoza kuri ubwo bwicanyi.
Abo bimukira basanzwe mw’ikamyo yasizwe mw’ibarabara mu gisagara ca San Antonio, muri Texas ku musi wa mbere.
Perezida wa Mexique, Andres Manuel Lopez Obrador, yavuze ko abamaze kumenyekana muri abo bapfuye, ari 22 bamuka muri Mexique, indwi muri Guatemala n’abandi babiri bo muri Honduras.
Abantu batatu batawe mu mvuto ku mvo z’amatohoza ariko abategetsi nta yandi makuru arenze ayo batanze.
Aba bakurikiye abandi 10 bapfiriye mw’ikamyo nkuko, mu myaka itanu iheze, kubera ubushuhe burenze urugero hafi ya San Antonio.
Facebook Forum