Abakuru b’imigambwe ibiri ikomenye itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Nijeriya kuri uyu wa kabiri batanze urwandiko aho basaba gufuta ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi guheze. Ibi bigiye gutuma haba ukunyinyurana mu butungane gushobora kumara amezi atari make.
Mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri kahise muri Nijeriya harabaye ukwitwara mu butungane, ariko nta n’umwe mu bitwaye yatsinze.
Atiku Abubakar wo mu mugambwe ukomeye, The People's Democratic Party (PDP) hamwe na Peter Obi, wo mu mubamwe w’abakozi, Labour Party, basavye sentare kutemeza intsinzi ya Bola Tinubu wo mu mugambwe uri ku butegetsi, All Progressives Congress (APC).
Abo batavuga rumwe n’ubutegetsi bavuze ko ayo matora yabayemwo ubusuma kandi bagiriza komisiyo y’igihugu yigenge ijejwe amatora guca kubiri n’amategeko mu kudakoresha neza imashine zagenewe amatora.
Indorerezi zavuye mw’ishirahamwe rya Buraya, ishirahamwe Commonwealth hamwe n’iyindi mirwi baravuze ko ayo matora yabayemwo ibibazo bitandukanye.
Izo ndorerezi zaraneguye iyo komisiyo kuba itateguye neza amatora kandi ko yatevye gutangura, ariko ntibavuze ko yabayemwo ubusuma. Iyo komisiyo ubwayo yariyemereye ko yagize ibibazo vy’ubuhinga mu gihe co guharura amajwi.
Sentare ifise imisi 180 yo kwiga ivyo birego no gushikiriza ingingo yayo.
Prezida mushasha wa Nijeriya azorahira kw’itariki ya 29 z’ukwezi kwa gatanu.