Nyamugigima y’igipimo ca minyitide 6.5 yaciye muri Pakistani na Afuganistani kuri uyu wa kabiri. Yatumye abanyagihugu bahunga amazu hamwe n’ibiro vyabo.
Abantu icenda ni bo bamaze kumenyekana ko bapfuye n’abandi 12 bakomeretse mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistani. Iyi nyamugigima yumvikanye kandi no mu gihugu kibanyi, Tajikistani.
Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Shahbaz Sharif, yavuze ko yasavye abategetsi bajejwe gutabara kuguma barikanuye mu gihe hari abokenera gutabarwa.
Zabihullah Mujahid, avugira reta y’Abatalibani muri Afuganistani, yasavye umushikiranganji w’amagara y’abantu gutegeka ibitaro hamwe n’amavuriro yose kuguma bagavye.
Si ubwa mbere ako karere kabangamirwa na nyamugigima. Mu mwaka wa 2005, nyamugigima yapima manyitide 7.6, yarishe abantu ibihumbi muri Pakistani no mu ntara ya Kashmir. (AP)