Uko wahagera

Amerika Yahaye Turukiya na Siriya Izindi Miriyoni $100 zo Gufasha Abakozweko na Nyamugigima


Isanamu yafashwe n'indege mu kirere c'ahaciye nyamugigima mu ntara ya Hatay muri Turukiya, kw'itariki ya 19/02/2023
Isanamu yafashwe n'indege mu kirere c'ahaciye nyamugigima mu ntara ya Hatay muri Turukiya, kw'itariki ya 19/02/2023

Reta zunze ubumwe za Amerika yarungitse izindi miliyoni 100 z’amadolari yo gufasha Turukiya na Siriya. Gushika ubu abamaze kumenyekana ko bahitanwe na nyamugigima muri ivyo bihugu bibiri barenga 46,000 hamwe n’amamiliyoni y’abanyagihugu atagira uburaro.

Iyi mfashanyo nshasha iciye ishikana ku miliyoni 185 z’amadolari Amerika imaze gufashisha ivyo bihugu kuva bihuye n’ivyo vyago. Aya mafaranga azofasha kandi imirwi y’abanyamahanga bagiye gutabara.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire muri Amerika, Antony Blinken, yagendeye Turukiya kuri uyu w’Imana kwirabira ivyabaye. Yavuze ko iyi mfashanyo nshasha izofasha kugura uburengeti, imatera, ibifungurwa, impunzu zo kwikingira imbeho, n’amahema.

Iyi mfashanyo izofasha kandi kugura imiti, n’ibindi bikoresho vy’isuku, hamwe no kwigisha abana bahuye n’ivyo vyago.

Vyitezwe ko Blinken abonana na prezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan kuri uyu wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG