Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Lloyd Austin yavuze kuri uyu wa kabiri yavuze ko yiteze ko Ukraine igiye kugaba ibitero vyo gusubiza umwansi inyuma, muri iki gihe imbeho igiye kurangira. Yongeye yemerera reta ya Ukraine ko Amerika hamwe n’incuti zayo z’abanyaburaya bazobandanya bayifasha mu ntambara.
Umushikiranganji Austin yabivugiye i Buruseri mu Bubirigi, mu nama yahuje abashikiranganji bo kwivuna abansi b’ishirahamwe OTAN. Bariko bihwereza hamwe uko bokorera hamwe mu guha Ukraine imfashanyo nshasha za gisirikare. Ukraine irushiriza isaba ibihugu vyo mu burengero kuyirungikira indege z’intambara zifise ubuhinga buhanitse. Austin yavuze ko ubu busabe bwa Ukraine ataco afise abuvugako muri iki gihe.
General Mark Milley, umugaba w’ingabo za Amerika, yavuze ko atariko arabona intsinzi ya Ukraine, kandi ko Uburusiya bubandanya gutera bikomeye intara ya Donbas irwiriyemwo amahinguriro.
Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg yashimangiye ko ari nkenerwa ko Ukraine ihabwa amasasu menshi kandi ko ibihugu vyemeye burende navyo bikazirungika vuba.
Umushikiranganji wa Ukraine wo kwivuna abansi, Oleskii Reznikov, nawe yari i Buruseri muri iyo nama. Yanditse ku rubuga Tweeter imbere yayo ko ivyo asaba bigizwe n’amasasu, gukingira ikirere ca Ukraine, no kumenyereza abasirikare b’igihugu ciwe. (AP & Reuters).