ONU Isaba Imiriyaridi 2.6 z'Amadolari yo Gufasha Abasinzikajwe n'Inzara muri Somaliya

Maryan Madey, yahunze intambara mu ntara ya Lower Shabelle, ateruye umwana yasinzikajwe n'inzara mu micungararo ya Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 3/9/2022

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririko risaba imiriyaridi 2.6 z’amadolari uyu mwaka, yo gufasha abanyesomaliya bangana imiriyoni 7.6. ONU ivuga ko babangamiwe n’inzara hamwe n’amapfa vyatewe n’intambara, iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa hamwe n’uruzuba.

Adam Abdelmoula ahagarariye igisata ca ONU kijejwe imfashanyo yavuze ko kuva mu kwezi kwa kane gushika mu kwa gatandatu hashobora kuzoba amapfa muri Somaliya mu gihe imvura itorwa.

Somaliya hamwe n’ibindi bihugu vyo mw’ihembe rya Afrika bihanzwe n’uruzuba, inyuma y’imyaka itanu yikurikiranije ata mvura iguye.

Abdelmoula yavuze ko abantu hafi imiliyoni 6.4 basinzikajwe n’inzara kandi ivyo bitigiri bishobora kuzokwiyongera gushika ku miliyoni 8.3 hagati y’ukwezi kwa kane n’ukwa gatandatu.

ONU ivuga ko ibice vy’igihugu bikeneye imfashanyo kurusha ibindi ari muri akarere ka Baidoa na Burhakaba hamwe no mu bataye ingo zabo no muri Mogadishu. (VOA News).