Ishami rya ONU rijejwe iterambere, PNUD, ryemeza ko imirwi y'iterabwoba iriko irashinga imizi cane mu karere ka Afurika yo munsi ya Sahara.
Icegeranyo igisata ca ONU kijejwe ivy’iterambere kw’isi, PNUD, casohoye uno munsi ku wa kabiri kivuga ko akarere ko munsi ya Sahara, ubu gafatwa nk "icicaro gikuru c’imirwi y’iterabwoba yiyitirira idini rya Isilamu.”
PNUD muri ico cegeranyo isigura ko abantu benshi bariko barinjira mu mirwi y’iterabwoba yiyitirira idini rya Isilamu bariko babiterwa n’ubukene gusumba uko babiterwa n’imyumvire yabo y’idini rya Kisilamu.
92% vy’abantu bashasha binjira muri iyo mirwi bemereye PNUD ko bayinjiyemwo baja kurondera ubuzima bwiza. PNUD yemeza ko kuva mu 2017, ibiharuro vy’abinjira muri iyo mirwi bihetse inyuma y’imyumvire yabo ya kisilamu vyagabanutse gushika ku bice 57%.
Ku rundi ruhande, PNUD, ivuga ko hari n’abinjiye muri iyo mirwi mu ntumbero yo kwiyamiriza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, n’ibindi bibi bikorwa n’inzego z’umutekano w’ibihugu vyabo birimwo ubwicanyi bw'agahomeramunwa, kunyuruza abanyagihugu, ukujegajega k’ubutungane butigenga n'ibindi.
Raporo ya PNUD yakorewe ku bihugu 8 vya Afurika yo munsi ya Sahara: Burkina Faso, Kameruni, Cadi, Mali, Nigeri, Nijeriya, Somaliya, na Sudani. Ku bantu 2200 PNUD yakuyemwo amakuru, abarenga 1000 bahoze mu mirwi y’iterabwoba yiyitirira idini rya Isilamu irimwo: Boko Haram, Al-Shabab, Africa Jama'at Nusrat al-Islam wal Muslimeen na JNIM.
Uruhande rumwe rw'abatanze amakuru rwemeje ko bagiye muri iyo mirwi ku bushake bwabo, urundi ruvuga ahubwo ko bayigiyemwo ku gahato. Mu bayivuyemwo bayigiyemwo ku bushake, hari abasiguye ko bayivuyemwo kubera ubutunzi bemerewe batabubonye n’uburongozi bubi bw’abatwara iyo mirwi.
Ishami rya ONU rijejwe iterambere kw'isi, PNUD, rivuga ko kuva mu 2017, imirwi y'iterabwoba yiyitirira idini rya Isilamu imaze kugaba ibitero 4155 mu karere ka Afurika yo munsi ya Sahara.
Facebook Forum