Ukraine Yiteze ko Uburusiya Buyigabako Ibitero Vyinshi

I bubamfu, prezida wa Ukraine, i buryo, Prezida w'Uburusiya, bose bakikujwe n'amadarapo y'ibihugu vyabo

Indongozi z’Ubumwe bwa Buraya ziri mu rugendo I Kiev ku murwa mukuru wa Ukraine. Umukuru wa komisiyo y’Ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, yatangaje ko we na bagenzi biwe bagiye kwerekana ingene bashigikiye Ukraine n’abanyagihugu bayo mu ntambara barimwo n’Uburusiya.

Amwunganira, umukuru w’igisata kijejwe ivy’imigenderanire y’ubumwe bwa Buraya n'amakungu, Joseph Borrell, nawe yagize ati: “ Turi ngaha kugira twerekane ko dushigikiye cane ko Abanya-Ukraine barwanira igihugu cabo. Kuva intambara y’Uburusiya itangura, twamye ku ruhande rwanyu kandi tuzobandanya tubashigikira.”

Bitegekanijwe ko ejo ku wa gatanu, abategetsi b’umuryango w’ubumwe bwa Buraya n’indongozi za Ukraine bakorana ibiganiro vyo kuraba ico uwo muryango wofasha mu kwongera kwiyubaka kwa Ukraine, ikibazo c’ikena ry’infungurwa kw’isi, n’ubusabe bwa Ukraine bwo kwinjira mu muryango w’ubumwe bwa Buraya.

Hagati aho, Ukraine yiteze ko Uburusiya buzoyigabako ibitero sindamusiga igenekerezo rya 24 uku kwezi, umunsi umwaka umwe uzoba urumanye intambara y’ivyo bihugu yadutse.

Mw’ijambo prezida wa Ukraine yaraye ashikirije, yahamagariye abanyagihugu kubandanya bafatanye mu nda agira ati: “ Mu bihe nk’ibi, Tubwirizwa kuba umwe, tukarwanira inyungu z’igihugu, twanka gucinyizwa. Sinkekeranya kandi ko tuzoguma dufatanye mu nda.”

Prezida Zelensky wa Ukraine, yumvikanishije kandi ko Uburusiya buriko burasatira butera ubuseruko bwa Ukraine, avuga ko ibitero muri ico gice vyabaye ndanse.