Uko wahagera

Uburusiya Bugwiza n'Ubusa Umugambi wo Guha Ibirwanisho Ukraine


Abategetsi b'Uburusiya batangaje uno musi ku wa gatatu ko guha Ukraine ibirwanisho birasa kure bitazoca inkokora igihugu cabo, ko ah'ubwo bizokwongereza icuka kibi n'intambara muri Ukraine.

Umuvugizi wa Reta y’Uburusiya, Dmitry Peskov, yatangaje ivyo mu gihe hari amakuru ko Reta zunze ubumwe za Amerika zigiye kurungikira inteko za Ukraine iyindi mfashanyo izoba irimwo ibikoho vya rokete birasa kure kugira zishobore kwivuna ibitero vy’Uburusiya.

Itororokanyirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ryatangaje ko hisunzwe ivyavuzwe n’abategetsi babiri bo muri Amerika, kimwe muri ivyo bigwanisho bigenewe Ukraine gishobora kurasa ku bilometero 150.

Ibindi birwanisho bitegekanijwe kuronswa Ukraine birimwo ibisambura ibimodoka vya burende, n’ibisambura indege zitagira abadereva zitwa drone. Birimo nanone ibisambura ibikoho vya muzinga, ibimodoka bitamenwa n’insoro, ibikoresho vy’uguhanahana amakuru, n’ibikoresho vy’abaganga, bihagije kugira bifashe mu bitaro biri hafi y’ahabera urugamba.

Ukraine caragize intambwe zikomeye mu ndwi iheze igihe Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubudagi vyompi vyemera kurungikira ico gihugu ibimodoka bikomakomeye vya burende. Hari inyuma y’uko Ubudagi bugonanywe mu kiringo c’indwi zitari nke ku bijanye no kurungikira Ukraine ibimodoka bikomeye vya burende vyo mu bwoko bwa Leopard 2. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG