Kenya: Raila Odinga Yiyemeje Kuburabuza Ubutegetsi bwa William Ruto

Interview with Kenyan opposition leader Raila Odinga in Nairobi

Umunyepolitike atavugarumwe n’ubutegetsi muri Kenya, Raila Odinga yahagamaje iyindi myiyerekano i Nairobi ku musi w’Imana.

Uwo muyobozi yatangaje ko iyo myiyerekeno itumbereye kurwanya reta ya Prezida William Ruto. Vyitezwe ko Raila Odinga ahamagarira ibikorwa vyo kuburabuza serevisi zitangwa na reta hamwe no kutagura ibidandazwa biva mu mahinguriro ya basomambike na prezida.

N’inyuma y’amatora yo mu 2017, Raila yaraburabuje ibikorwa bimwe bimwe hamwe n’ibidandazwa bifise aho bihuriye n’umuryango ya prezida Uhuru Kenyatta w’ico gihe n’abari hafi yiwe.

Ku musi wa mbere, Raila yavuze ko yiteguriye gupfa ariko arwanira ico yise nko kwibwa amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu. Uwo munyeporitike avuga ko ata bwoba afise ku cokorwa na reta.

Prezida William Ruto yagabishije ko atazosamazwa n’abatavugarumwe nawe bari ku rushi avuga ko batumbereye kugumura igihugu.(VOA)