Uko wahagera

Kenya: Raila Odinga Abandanya Kwemeza ko Yatsinze Amatora


Raila Odinga
Raila Odinga

Raila Odinga umunyapolitike atavuga rumwe na reta ya Kenya yarashingishije urubanza muri sentare kizigenza y'igihugu rwo guhakana ko yatsinzwe mu matora yabaye muri uku kwezi muri Kenya.

Hareheze indwi Odinga ashingishije urwo rubanza muri sentare. Avuga ko afise ivyemezo ko yatsinze amatora, akaba ashaka ko amajwi yavuyemo asubira guharurwa.

Mu rubanza yashingishije avuga kandi ko ivyavuye mu matora ata gaciro bifise kubera vyatangajwe n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe amatora, aho gutangazwa n’abagize uwo murwi bose. Yavuze ko ashaka ko umuyobozi w’uwo murwi ahindurwa.

Mu nyishu yahaye sentare kizigenza y’igihugu, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe amatora muri Kenya, yaratangaje ko amatora yabaye mu mwidegemvyo, ata tunenge twayaranze, kandi ko yabaye mu buryo bwemewe.

Raila Odinga, abajijwe niba hari aho vyoshika ko atemera ingingo ya sentare kizigenza y’igihugu, yishuye ko adashaka kuremera sentare, ko ashaka ko iyo sentare yumviriza urubanza ataho ihengamiye.

Sentare kizigenza y’igihugu izoshikiriza ingingo yayo kw’itariki 5 y’ukwezi kw’icenda. Ni ubugira gatanu Odinga ahiganirwa amabanga y’umukuru w’igihugu muri Kenya. Yavuze ko habaye ubusuma mu matora igihe cose yatsinzwe.

Kuba Odinga atemeye ivyavuye mu matora vyatumye haba impungenge ko hashobora gusubira kwaduka ubundi bwicanyi muri Kenya nk’ubwabaye inyuma y’amatora yo mu mwaka w’i 2007, ubwo abantu barenga 1200 bicwa. Mu mwaka w’i 2017 naho, abantu barenga 100 barishwe inyuma y’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG