Muri Ukraine, Indege yo mu bwoko bwa kajugujugu yagize isanganya kuri uyu wa gatatu hanze y’umurwa mukuru Kiev, hapfa abantu bashika kuri 14. Mu bapfuye harimwo umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Denys Monastyrskyi, hamwe n’abandi bakozi bakuru bakuru muri ubwo bushikiranganji bari muri yo. Hapfuye kandi n’umwana yaguyeko igihe yakoroka.
Abategetsi ba Ukraine bavuze ko iyo ndege yakorokeye hafi y’ishure ry’abana bato ry’i Brovary, mu buseruko bwa Kiev. Ntiharamanyekana icatumye iyo kajugujugu ikoroka. Ntibizwi nimba ryari isanganya risanzwe canke bifitaniye isano n’intambara. Ariko nta gutana mu mitwe kwavuzwe muri iyi misi ya vuba muri ako karere.
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, abicishije kuri Telegram, yavuze ko yategetse abategetsi vyega gutohoza icateye iryo sanganya. Aho yari yitavye inama mpuzamakungu muvy’ubutunzi, akoresheje ubuhinga bwa videwo, Prezida Zelensky, yavuze ko iryo sanganya rifitaniye isano n’intambara arimwo n’Uburusiya. Yavuze ko hataramanyekana neza igitigiri nyezina c’abapfuye.
Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden hamwe n’umutambukanyi wiwe, Jill Biden bahojeje imiryango yabuze ababo muri iryo sanganya. Bavuze ko bifatanije na bo mu kigandaro.
Umushikiranganji Monastyrskyi niwe yagenzura ibikorwa vy’igiporisi hamwe n’ivyo gutabara abashikiwe n’ivyago. Abaye umutegetsi wa mbere mukuru apfuye kuva Uburusiya bwinjira muri Ukraine, haraheze amezi 11.
AP, AFP, Reuters.