Imfashanyo za Mbere z'Imiti Zashitse muri Tigreya

Amakamyo ya Croix Rouge aboneka atwaye ibikoresho vyo kwa muganga kw'ibarabara rija i Mekelle, ku murwa mukuru w'intara ya Tigreya, Etiyopiya, kw'itariki ya 15/11/2022.

Amakamyo abiri atwaye ibikoresho vyo kwa muganga yashitse mu ntara ya Tigreya muri Etiyopiya kuri uyu wa kabiri. Ni imyashanyo za mbere mpuzamakungu zishitse muri iyo ntara kuva reta ya Etiyopiya n’inteko za Tigreya basinye amasezerano yo guhagarika intambara mu ntango z’uku kwezi.

Amakamyo y’ishirahamwe ritabara imbabare, Croix Rouge, yatanze amatoni 40 y’ivyankenerwa mu buvuzi, birimwo imiti hamwe n’ibikoresho vyo kubaga i Mekele, ku murwa mukuru wa Tigreya.

Nta mfashanyo mpuzamakungu zari bwongere kwinjira muri Tigreya ziciye mw’ibarabara kuva mu mpera z’ukwezi kwa munani.

Mu ndwi iheze, uwurongoye intumwa za reta ya Etiyopiya mu biganiro vy’amahoro, Redwan Hussein, yavuze ko abanyagihuru muri Tigreya bagiye gusubira kuronswa ivya nkenerwa mu kubaho. Nayo kuri uyu wa kabiri, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed yavuze ko reta yiwe yiyemeje gushira mu ngiro amasezerano yumvikanyweko yo guhagarika intambara.

Umuvugizi w’igisata ca ONU citaho ibifungurwa, PAM, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ishirahamwe ryabo ritarasubira kurungika imfashanyo muri Tigreya, aho ibifungurwa bisa n’ivyarangiye.

@VOA