Uko wahagera

Kazoza k'Intara ya Tigreya mu Minwe y'Ibwirizwa Nshingiro


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya mu nama nshingamateka y'ico gihugu
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya mu nama nshingamateka y'ico gihugu

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, uyu musi ku wa kabiri yavuze ko kazoza k’intara irimwo amatati ya Tigreya kazotorerwa inyishu hisunzwe ibwirizwa shingiro ry’igihugu, inyuma y’uko amasezerano yo guhagarika ingwano atereweko igikumu mu ntango z’uku kwezi.

Igice ca Tigreya co mu burengero kizwi nka Wolkait, kizoba cegukira Tigreya, nk’uko ibwirizwa shingiro rya Etiyopiya ribitegekanya. Yamara ico gice cari carigaruriwe n’ingabo zo mu ntara bihana urubibe ya Amhara igihe ingwano yaduka mu kwezi kwa 11 mu mwaka w’2020 hagati y’abasirikare b’igihugu n’abarwanyi bo mu muhari Tigray People’s Liberation Front, TPLF.

Abanyatigreya ibihumbi amajana n’amajana bari bomowe muri ico gice ca Tigreya yo mu burengero igihe c’ingwano kandi barafashwe bunyamaswa gushika aho ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe imigenderanire bwari bwashikirije ibirego ko muri ako gace habaye ubwicanyi bukabije bwo kumara ubwoko bw’abanyatigreya n’aba Ahmara. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG