Igisirikare ca Amerika Carishe Aba Al-Shabab 27 mu Ntara ya Hiran

Hiran, Somalia

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika cavuze ku musi wa gatatu ko cishe abarwanyi 27 ba al-Shabab. Hari mu gitero c’indege cakoze mu ntara ya Hiran iri hagati muri Somaliya. Muri iyi ntara igisirikare hamwe n’izindi nteko bafashanya baratanguje ibitero simusiga kuri al shabab mu kwezi guheze.

Amerika imaze imyaka igaba ibitero vy’indege kuri al-Shabab muri Somaliya. Iki gitero cakozwe ku musi w’Imana, kigize gatandatu ikoze muri uyu mwaka wa 2022, nkuko bivugwa n’igisirikare ca Amerika muri Afrika (AFRICOM).

Mu ntara ya Hiran, abanyagihugu bavuga ko bahisemwo gufata ibirwanisho kugira biyunge n’abasirikare ba reta. Bavuga ko aba al shabab baturiye amazu yabo, basambura amariba yabo y’amazi, hiyongeyeko no kwica abasivile. Al shabab imaze imyaka 40 ibatoza amatagisi.

AFRICOM ivuga ko abo ba Al Shabab bishwe bariko baratera abasirikare ba reta hafi y’igisagara ca Buulobarde, kiri ku birometero 200 mu buraruko bw’umurwa

Abaharanira agateka ka muntu baheruka kwagiriza Amerika ko ikora ibitero mu mpisho, rimwe na rimwe abasivile bakahasiga ubuzima.