Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje kuri uyu wa kane ko ingwara y’ibihara vy’inguge ari ikibazo c’amagara y’abantu kandi cihutirwa gukemurwa. Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Xavier Becerra, yavuze ko reta igiye guca isohora ubundi buryo bw’amafaranga hamwe n’ibikoresho vyo kurwanya iyo ngwara.
Ibi bitangajwe mu gihe gushika ku musi wa gatatu abamaze kwandura iyo ngwara muri Reta zunze ubumwe za Amerika barenze 6,600. Abayanduye hafi nka bose ni abagabo bahuza ibitsina.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, naryo ryatangaje ko ibihara vy’inguge ari ikibazo c’isi c’amagara y’abantu kandi gikwiye kwitabwaho vuba. OMS yatangaje mu kwezi guheze ko igiye gusohora amafaranga yo gukora incanco n’imiti z’iyi ngwara.
Perezida Joe Biden wa Amerika mu ntango z’uyu mwaka yaragenye abategetsi babiri bazofasha reta guhangana n’iyo ngwara.
Reta ya Amerika imaze gutanga mu gihugu incanco z’ibihara vy’inguge zingana 156,000 hagati mu kwezi kw’indwi. Yaraguze kandi izindi ncanco z’inyongera zingana n’imiriyoni 2.5.
Umuntu wa mbere yanduye iyo ngwara muri Amerika yatanguye kumenyekana muri reta ya Massachusetts mu kwezi kwa gatanu, uwugira kabiri aboneka muri California inyuma y’imisi itanu.