Uko wahagera

Abahinga Basaba ko Ibihara vy'Inkende Vyoreka Kwitirirwa Afurika


Abanduye ingwara y’ibihara vy’inkende kw’isi yose barenze 1600, abababa 1500 akaba ari bo bikekwa ko banduye iyo virusi. Mu bihugu bivugwamwo iyo ndwara, 7 vyarigeze kuyigira muri kahise, 32 ni ubwa mbere bitewe nayo.

Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, rivuga ko abandura benshi bari ku mugabane wa Buraya urimwo 85% kw’ijana vy’abanduye muri rusangi.

Mu ndwi iza, OMS yahamagaje inama yihutirwa yo kuraba nimba umuvuduko w’ubwandu bw’ino ngwara wotuma ifatwa nk’ikibazo gikomeye kibangamiye isi, no kumenya nimba yohindurirwa izina: Hari abahinga bemeza ko ari ngombwa kw’izina ryahawe ino ngwara rihinduka mu ntumbero yo kutavangura no guhagarika kuyibona nk’inyafurika. Abo bahinga banasavye guhagarika gukoresha amafoto y’abanyafurika iyo bavuga abanduye ku mugabane wa Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG