Abategetsi b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’uburengero kuri uyu w’Imana bahagaritse ibihano bari barafatiye ubutegetsi bwa gisirikare muri Mali. Intumwa za CEDEAO zavuze ko bemeye kandi imyaka ibiri reta mfatakibanza ya Burkina Faso yasavye kugira izobe yasubije ibihugu ku ntwaro ya demokarasi.
Abaperezida b’ibihugu bihurikiye muri CEDEAO bakoranye kugira bemeze ibirangamisi hamwe n’ivyipfuzo vyasabwe n’ubutegetsi muri Mali, Gineya Conakry na Burkina Faso kugira basubire muri demokarasi.
Mali yabayemwo kudeta mu kwezi kwa munani 2020 no mu kwezi kwa gatanu 2021, hakurikira Gineya Conackry mu kwezi kw’icenda 2021 na Burkina Faso mu kwezi kwa mbere uyu mwaka wa 2022.
Mu ntumbero yo gutinya ko abandi basirikare bo mu bihugu vyo muri ako karere bafata ubutegetsi ku nguvu, CEDEAO yaciye ifatira Mali ibihano bikomeye vy’ubudandaji n’ubutunzi. Ariko Gineya Conakry na Burkina Faso vyakubiswe inkoni ngufi.
Ibihano vyafatiwe Mali vyasinzikaje abakene, bikumira ico gihugu co muri Sahel kitagira umuhora kw’ibahari. Mali isanzwe yari ifise ubutunzi bwasubijwe inyuma n’ibitero vy’imihari y’abajihadiste imaze imyaka irenga icumi ihungabanya umutekano.
Inyuma y’ibiganiro vyamaze amezi, abategetsi ba Mali ku musi wa gatatu baremeje ko amatora azoba mu kwezi kwa kabiri 2024.
Aya matora azobanzirizwa na referendum kw’ihinyanyurwa ry’ibirizwa shingiro mu kwezi kwa gatatu 2023 hamwe n’amatora y’abashingamateka mu mpera z’umwaka wa 2023.