Reta Zibiri za Libiya Zose ubu Ziri i Tripoli

Imirwi yitwaje ibirwanisho muri Libiya yatanye mu mitwe kuri uno wa kabiri imaze kumva ko abagize Reta yashizweho n’inama nshingamateka, ikaba inashigikiwe na Marechal Khalifa Haftar, binjiye i Tripoli.

Abajejwe kumenyesha amakuru muri iyo Reta batangaje ko mu binjiye i Tripoli ku murwa mukuru wa Libiya, harimwo umushikiranganji wa mbere, Fathi Bachagha, ari kumwe n’abashikiranganji batatomowe igitigiri. Abajejwe gutanga amakuru muri iyo Reta, babicishije mw’itangazo basohoye basiguye ko abinjiye baje kugira batangure ibikorwa vyabo.

Muri Libiya, hari impande zibiri zirwanira ubutegetsi: Hari uruhande rugize Reta yemejwe n’inama nshingamateka ikaba ifise icicaro mu buseruko bw’igihugu, na Reta y’ubumwe isanzwe ikorera ku murwa mukuru i Tripoli.

Reta y’i Tripoli yagiyeho mu ntango zo mu 2020 biciye mu biganiro vya politike vyari bifashwe mu mugongo na ONU ntaco iravuga ku bakeba babo bemeje ko bashitse i Tripoli.

Abagize Reta yemejwe n’inama nshingamateka binjiye i Tripoli bashigikiwe cane na Maréchal Khalifa Haftar, igicocoro gikomeye gifise ingabo habuze gato ngo zigarurire Tripoli mu 2019.

Reta ifise icicaro i Tripoli na yo iramutswa umugwizatunga, Abdelhamid Dbeibah, arahira akarengwa ko adashobora gutanga ubutegetsi bidaciye mu matora. Reta ya Abdelhamid yashizweho vy’imfata kibanza, kugira ngo itunganye amatora yari kuba mu mwaka uheze. Kugera ino saha, ayo matora ariko ntaraba: Ni no ngaha Reta yahora ikorera mu buseruko ifatira ivuga ko manda ya Reta y’i Tripoli yaheze. Amakungu yabona amatora ataraba nka kimwe mu bishobora kugarukana amahoro muri Libiya.