Uko wahagera

Abacangero 300 Bavuye mu Buseruko bwa Libiya.


Ubufaransa bwahayagije iyo ntango y’igikorwa co gukura muri Libiya abarwanyi b’abanyamahanga ibihumbi n’ibihumbi barwanye ku mpande zose zitana mu mitwe muri ico gihugu.

Ico gikorwa, catangajwe ubwa mbere n’inteko za Libiya ziri mu buseruko bw’igihugu mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2021. Cari kigenewe guha inguvu kurushiriza amasezerano ashigikiwe n’ishirahamwe ONU yapfunditswe hagati y’impande zitana mu mitwe.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa, Anne-Claire Legendre, yatangaje ko kuba izo nteko zo mu mahanga za mbere zavuye muri Libiya ari ikimenyetso ca mbere ciza. Ni inyuma y’inama yabareye i Paris kw’italiki 12 y’ukwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye yari igenewe gutsimbataza umugambi w’amahoro muri Libiya.

Amenyesha ko ico gikorwa ca mbere gitegerezwa gukwirikirwa n’ishirwa mu ngiro mu buryo bwihuta bushoboka no gukura abacangero n’abarwanyi bose b’abanyamahanga bari muri Libiya.

Abaserukira ibihugu vyabo bavuga ako abacangero ba mbere, bavuye muri ico gihugu, baturuka mu gihugu bihana uburibe ca Chad.

Abahinga b’ishirahamwe ONU bavuga ko impande zose zitana mu mitwe muri Libiya zarakoresheje cane abacangero, harimwo abava mu bibugu vya Chad, Sudani na Siriya. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG