Mali Itangaza ko Ivuye mu Nteko za G5 Sahel

Abasirikare ba G5 Sahel

Mali yavuze kuri uyu w’Imana ko ivuye mu nteko z’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika ziriko zirarwanya iterabwoba. Yavuze ko ari uko yakuwe ku burongozi bw’izo nteko ziswe G5 Sahel, zirimwo kandi na Moritaniya, Cadi, Burkina Faso na Nijeri.

Mali yisigura ivuga ko inama y’abakuru b’igihugu vya G5 Sahel yari yategekanijwe kuba mu kwezi kwa kabiri 2022 i Bamako yari guha Mali uburongozi bw’uwo murwi. Ariko hafi amezi ane ararangiye ata gikozwe.

Reta ya Mali yavuze ko ibihugu bimwe vyo muri G5 Sahel bidashaka ko irongora perezidanse y’uwo murwi. Ivuga kandi ko hari igihugu gikorera inyuma y’ako karere kigomba gukumira Mali. Ariko ico gihugu nticavuzwe izina.

Mali kuva mu kwezi kwa mbere iri mu bihano vy’ubutunzi n’ivya kidiporomasiya yafatiwe na CEDEAO kuko abasirikare bafashe ubutegetsi batariko barihuta kubusubiza abasivile, inyuma y’ama kudeta yabaye muri ico gihugu.

Inteko za G5 Sahel zirimwo abasirikare hafi 5.000.